Arsene Wenger: Inyuma yo gutsinda Man City, hari icizere gikomeye

walcott anmd Ozil Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakinyi ba Arsenal Theo Walcott na mugenzi we Ozil

Intsinzi ya Arsenal kuri Manchester City, yabahaye icizere ko bashobora guhiganirwa ikibanza ca mbere, nk’uko umumenyereza Arsene Wenger yabivuze.

Arsenal ntiratahukana ikibanza ca mbere kuva mu 2004, ariko ibitsindo vya Theo Walcott na Olivier Girou vyari bikwiye kugira batsinde City n’aho nyene Yaya Toure yatinze na we yinjiza.

“Vyaduhaye ukwizera, inguvu no kwiyemera,” ayo ni amajambo y’umumeneyereza Wenger w’imyaka 66.

“Ubu turerekanye ico turushije abandi, ivyo mushobora kubona mu rukino iyo dusugerejwe.”

Ubu Arsenal irusha amanota ane Manchester City iri mu kibanza ca gatatu, ariko ikaba na yo irushwa amanota 2 na Leicester City iza kw’isonga.

Mu gihe umugwi watahukanye ikibanza ca mbere mu mwaka uheze wa Chelsea ubu uza mu kibanza ca 15, bisa n’uko ata n’ico uzohanoba, abo mu buraruko bwa Londres, bashobora gutahukana intsinzi uyu mwaka.