Ibiganiro kuri kazoza ka Drogba

didier drogba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Imigwi ya Chelsea na Montreal iriko iraganira kuri kazoza ka Drogba

Chelsea iriko iraganira n’umugwi wa Montreal Impact kuri kazoza k’umukinyi Drogba.

Umugwi wa Montreal uvuga ko yerekanye ishaka ryo gushaka gufasha umugwi wiwe yahora akinamwo.

“Turumva urukundo afitiye uwo mugwi, ariko twipfuza kumugumana nk’uwundi mwaka,” ivyo biri ku rubuga rwa twitter rw’umugwi Montreal.

Drogba w’imyaka 37, yagiriraniye amasezerano na Montreal mu kwezi kw’indwi, yararorereye urukino Chelsea yatsinzemwo Sunderland, ari kumwe n’umumenyereza w’imfatakibanza w’uwo mugwi, Guus Hiddink hamwe na nyene uwo mugwi Roman Abramovich.

Kuri uyu wa gatatu, Hiddink yaranse kugira ico avuze nimba Drogba ashobora kuja mu bo bazokorana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea ntaremeza ko Didier Drogba ari mu bo bagiye gukorana

“Narakoranye na we igihe c’imyaka itanu canke itandatu, kandi narahimbawe no gukorana n’ubuntu w’umuhinga nkawe,” ni ko uwo munye Hollande yishuye.

“Ni icamamare muri uyu mugwi, ikihari gusa muri aka kanya n’uko agikinira umugwi wa Montreal.”

“Intambwe abategetsi bateyeko nta yo nzi, ariko nobabwira mbikuye ku muzirikanyi ko abakinyi karuhariwe bashobora kuba inking y’uyu mugwi.”

Uwo muenye Cote d’Ivoire yamaze imyaka 9, incuro zibiri zose, rimwe hari hagati ya 2004 na 2012, ahandi hari mu mwaka uheze.

Montreal ivuga ko mu masezerano bagiriraniye n’uwo mukinyi, harimwo ko ashobora kuguma muri uwo mugwi uwundi mwaka.

Uwo mugwo wa Chelsea watahukanye ikibanza ca mbere mu mwaka uheze, watanguye ihiganwa nabi, aho umaze gutsindwa inkino 9 kuri 17 umaze gukina, mu mpera z’indwi iheze nah o ukaba warirukanye umumenyereza wawo, Jose Mourinho.