Klopp aridogera urutonde rw'inkino mu Bwongereza

Jurgen klopp
Image caption Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp

Umumenyereza w’umurwi wa Liverpool, Jurgen Klopp, yidoze kubera urukurikirane rw’inkino zizoba muri iki gihe turiko turinjira mu mwaka mushasha, ngo kuko bishobora gutuma Ubwongereza butazokina neza mu mahiganwa akomakomeye.

Uwo mudagi aremera ko abakinyi b’abongereza bafise ubuhinga bukomeye, ariko ngo kubura akanya ko kuruhuka muri kino gihe c’imbeho, bizogira ingaruka ku Bwongereza mu nkino za nyuma z’imigwi nserukirabihugu ya Buraya, Euro 2016, zizokinirwa mu Bufaransa.

Avugira mu kiganiro ca Football Focus ca BBC, Klopp yavuze ko hari inkino nyinshi cane, nta karuhuko.

Yavuze ko Ubwongereza bumenyerezwa na Rou Hodgson, bategerezwa gutwara igikombe ca Euro 2016 kuko ngo bafise ubuhinga bukomeye.

Klopp yavuze kandi ko ivyo bigira ingaruka ku migwi yo muri ico gihugu kugira itahukane intsinzi mu nkino za UEFA.

Ubu championnat zose z’I Buraya zikomeye ziri mu biruhuko, La Liga muri Espagne, Bundesliga mu Budagi, Serie A mu Butaliyano, hamwe n’izindi nyinshi ziri mu karuhuko ka Noel n’umwaka mushasha.