Stoke City yatsinze Man U

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Louis van Gaal ngo ashobora kwisezerera ubwe.

Igitutu cyarushijeho kwiyongera k'umutoza Louis van Gaal wa Manchester United nyuma yaho Stoke City iyitsinze 2-0 kuri uyu wa gatandatu.

Yabaye inshuro ya kane yikurikiranye Manchester United itsindwa.

Ibitego bya Stoke City byatsinzwe na Bojan Krkic na Marko Arnautovic.

Kapiteni wa Manchester United, Wayne Rooney, yinjiye mu kibuga asimbura mu gihe ikipe yari ifite ingorane mu gusatira izamu.

Manchester United ubu ni iya gatandatu ku rutonde rwa shampiyona n'amanota 29.

Nyuma y'uwo mukino umutoza Louis van Gaal yavuze ko ashobora "kwisezera ubwe".

Abajijwe niba afite ubwoba ko ashobora kwirukanwa, yabwiye abanyamakuru ati: "Ibyo simbiganira namwe ahubwo mbiganira na Ed Woodward (wungirije umuyobozi mukuru).