Ibiganiro hagati ya Arsenal na FC Basel ku mukinyi Elneny

arsene wenger Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger

Umugwi wa Arsenal watanguye ibiganiro n’umugwi FC Basel, ku mukinyi wo hagat Mohamed Elneny.

Uwo mukinyi w’imyaka 23, akinira umugwi nserukiragihugu wa Misri, akaba yagiye muri uwo mugwi wo mu Buswisse mu 2013.

Yaratahukanye igikombe c’umugwi wabaye uwambere ari muri uwo mugwi nyene amazemwo imyaka 3.

Igiciro ciwe ni imiliyoni 5 z’amafaranga akoreshwa I Buraya, ariko akazobanza kurondera uruhusha rwo gukorera mu Bwongereza.

Arashobora gukinira Arsenal mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo, kubera Basel nta mahirwe yaronse yo kuzoja muri iryo higanwa.

Elneny yari yakinye mu rukino rwabereye iwabo, aho bashoboye gutsinda Chelsea mu mwaka 2013 _2014

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, ariko aragerageza gukomeza cane hagati, inyuma y’aho Francis Coquelin na Sanmti Cazorla bavunikiye mu mavi.

Aaron Ramsey na Mikel Arteta na bo nyene bari bamaze imisi badakina kubera kuvunika.

Elneny kandi abonwa nk’umukinyi ashobora gufasha Arsenal mu kiringo kitari gito, ntabonwa nk’uwuje gufasha muri ivyo bibanza bifise ingorane.