Real Madrid batsinzwe mu rubanza rwabahuza na Cadiz

real madrid Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Denis Cherychev yategerezwa kubandanya igihano co kudakina urukino rumwe

Umugwi wa Real Madrid watsinzwe mu rubanza uwo mugwi wari wunguruje kubera ingingo yari yafashwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne yo kubakura mw’ihiganwa ry’igikombe c’umwami(Copa del Rey), kuko bari bakinishije umukinyi atabifitiye uburenganzira.

Uwo mugwi gutwara ico gikombe incuro 19, bahanywe kubera gukinisha umukinyi Denis Cheryshev mu rukino rw’abahuza na Cadiz itariki 2 ukwezi kwa cumin a kabiri.

Cherychev yategerezwa kubandanya igihano co kudakina urukino rumwe, kubera amakarata y’umuhondo yari yahawe agikinira Villarreal aho bari bamutijije.

Sentare yo gutatura amatati y’inkino muri Espagne, yasanze Real Madrid yarakoze amakosa, inyuma yo kwumviriza impande zose.

Uwo mugwi n’ubu urashobora kwunguruza, ariko ubu boca bungururiza muri sentare zisanzwe.

Real Madrid ubu iri mu kibanza ca gatatu , inyuma ya Barcelone na Atletico Madrid, batsindiye ic gikombe ubwa nyuma mu 2014.