Mikel: Chelsea igana heza

chelsea mikel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption John Obi Mikel avuga ko Chelsea igana miu nzira nziza

Umunye Nigeria akina hagati, John Obi Michel, yavuze koChelsea iri mu nzira igana heza inyuma yo gukina inkino zitatu idatsinzwe kuva umumenyereza Jose Mourinho yirukanywe.

Mikel yemera ko umuzo wa Guus Hiddink nk’umumenyereza mfatakibanza wafashije cane Chelsea kuronka agahengwe mu kuva mu mibanza ca 16 mw’ihiganwa ryo mu bwongereza.

“Ibintu vyarahindutse kuva umumenyereza ahindutse,” uko ni ko Mikel yavuze.

“Jose ni umumenyereza mwiza cane, ariko rimwe na rimwe umupira w’amaguru n’umukino mubicane, utegerezwa kujana na wo”

Mikel yongeyeko ko:”Yagararutse mu mugwi ubwa kabiri kandi aratwara igikombe, ariko ubu aragiye. Yoba yabaye ingingo nziza? Tuzobimenya neza muri kazoza.”

Uwo mugwi watwaye igikombe co mu mwaka uheze, wirukanye Mourinho ku wa 17 ukwezi kwa cumi na kabiri, mu gihe wari usigaje gutakaza inota rimwe gusa ngo uhite umanuka mu cicero ca kabiro, uca wiyambaza Hiddink ngo atabare.