Leicester city ibandanya gutangaza benshi

manchester city v leicester city Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa Leicester waraye utangaje benshi mu kuguma mu kibanza ca kabiri inyuma yo kunganya na Man City

Umugwi wa Leicester City ubandanya gutangaza abantu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, inyuma yo kunganya ubusa ku bundi na Manchester City kuri uyu wa kabiri.

Kubera uko kunganya, ubu banganya amanota na Arsenal ubu iza kw’isonga muri iryo higanwa, Leicester City iza mu kibanza ca kabiri kubera babarusha ibitego.

Man City vyaragaragaye ko ari yo yarushije umukino Leicester City ku kibuga ca King Power ku manota 61%, mu gihe umukino warangiye Leicester ifise 39%.

Abakinyi ba Mn City, Aleksandar Kolarov, Kevin De Bruyne na Eliaquim Mangala bararonse ikarata z’umuhondo mu gihe mu rundi ruhande, ikarata nkiyo yaronseMarc Albrighton n’umuhagarikizi Craig Pawson.

Ihiganwa riraza kubandanya uyu musi, mu mukino umwe uza guhuza Sunderland na Anfield ku kibuga ca Stadium of Light.