Welbeck yipfurije umwaka mwiza abakunda Arsenal muri Kenya

arsenal welbeck Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umukinyi wa Arsenal Danny Welbeck yipfurije umwaka mwiza abakunzi b'uwo mubwi bo muri kenya

Umukinyi w’imbere wa Arsenal, Danny Welbeck, yipfurije umwaka mwiza abakunzi b’uwo mugwi bo mu gihugu ca Kenya, kw’izina ry’awo.

Uwo mukinyi yahora akina muri Manchester United, yarungitse ubwo butumwa akoresheje Video, iri ku rubuga rwa facebook rw’uwo mugwi wa Arsenal.

Uwo mugwi washizeho video zibiri gusa zo kwipfuriza umwaka mwiza abakunzi bawo, imwe ikaba ari iyo ya Welbeck ku bakunzi bo muri Kenya, iya kabiri ikaba ari iyo umumenyereza Arsene Wenger, ku bakunzi b’uwo mugwi aho bari hose kw’isi.

“Umuntu wese aha muri Arsenal, aripfurije umwaka mwiza Kenya,” ni ko Welbeck yavuze muri iyo video.

Mu nyuma haciye handikwa n’ubutumwa mu rurimi rw’igiswahili ” Heli yam waka mpya 2016” (Umwaka mwiza wa 2016).

Ubutumwa nk’ubwo bwa Arsenal buje inyuma y’imisi mikwe Arsenal itsinzwe ibitsindo 4-0 na Southampton, bafashijwe cane n’umunye Kenya Victor Wanyama.

Welbeck, amaze gutsindira Arsenal ibitsindo 8 mu nkino zose amaze gukina muri uwo mugwi, haraheze amezi meshi adakina kubera yababaye kw’ivi mu rukino rwabahuza na Chelsea mu kwezi kwa kane umwaka uheze.

Welbeck baramubaze mu kwezi kw’icenda.

Mu misi iheze, Wenger, yiteze ko uwo mu kinyi ashobora gusubira mu kibuga inyuma ya Noel, yavuze ko Atari vuba ko asubira gukina, ko bashobora no kurindira gushika mu kwezi kwa kabiri.