Stoke yarugofereye

Geoff Cameron yari yahawe iyo karata itukura, mu rukino batsinzwemwo na West Brom 2-1.

Igihano co kubuzwa kuja mu kibuga mu nkino zitatu zikurikira yagikuweko, agashobora kuzoja mu rukino rwa League Cup, ruzohuza ejo Stoke na Liverpool.

Cameron yashizwe hanze y'ikibuga ku munota wa 82 amaze kurerwa gusunura umunya Argentina Claudio Yacob yari ahejeje kumutega na tackle.

Umurwi wigenga wasanze umusifuzi yarihenze.