Inkino za FA zizotangura mu mpera z'iyinga

fa cup Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Arsenal izotana mu mitwe na Sundland ku wa gatandatu

Inkino z’ihiganwa rya FA, ubu rizwi kw’izina rya Emirates FA Cup, rihuza imigwi iri mw’ihiganwa rikuru(Premier league) n’iyiri mu cicero ca mbere, zizokinwa mu mpera z’iyi ndwi.

Arsenal baheruka gutwara ico gikombe, inyuma yo kugitwara ubugira kabiri yikurikiranya, kuri uyu wa gatandatu bazohura na Sunderland , mu gihe abatwaye igikombe c’ihiganwa ryo mu bwongereza giheruka, Chelsea, ku w’Imana bazokinira ku kibuga cabo n’umugwi wo mu cicero ca mbere Scunthorpe United.

Ku wa gatandatu nyene, Manchester United bazokinira ku kibuga cabo na Sheffield United, mu gihe Man City, bazoba bariko barakina na Norwich City.

Liverpool nib o bazotangura izo nkino ku musi wa gatanu, aho bazokina na Exeter City, mu gihe Tottengam bazotana mu mitwe na Leicster City, ubu bari mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu bwongereza muri kino gihe.