Intsinzi ya Liverpool kuri Stoke muri Capital One

liverpool v stoke city Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza Jurgen Klopp arashima intsinzi ya Liverpool kuri Stoke City ya 1-0

Umugwi wa Liverpool ejo yarashoboye gutsinda Stoke City igitsindo 1-0, mu mukino wa mbere w’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’inkino za Capital One, mu rukino rwabereye ku kibuga ca Brittania.

Ico gitsindo kimwe rukumbi cinjijwe n’umukinyi Jordon Ibe ku munota wa 37, mu gice ca mbere, intsinzi yanezereje umumenyereza Jurgen Klopp, yaciye imuha n’icizere co gukina urukino rwa nyuma.

Mu gihe botsinda mu rukino rwo gusubiza, Liverpool izoca itana mu mitwe n’iyizoba yatsinze hagati ya Everton na Man City, mu rukino rwanyuma ruzokinirwa ku kibuga ca Wembley.

Urundi rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma iza kuba uyu musi mw’ijoro aho Everton baza gukinira ku kibuga cabo ca Goodson Prk na Man City.