Messi yahaye intsinzi Barcelone

barcelone messi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Messi yinjije ibitsindo bibiri ku ntsinzi ya 4-1 Barcelone yatahukanye mu rukino rwayihuza na Espanyol

Umukinyi w’imbere w’umugwi Barcelone wo muri Espagne, Lionel Messi, yafashwe nk’intwari inyuma yo gutsinda ibitsindo bibiri mu ntsinzi 4-1 mu rukino rwabahuza na Espanyol mu mukino wa mbere wo mu gice ca 16 gishira icanyuma z’igikombe c’umwami,zizwi kw’izina rya Copa del Rey, rwabereye ku kibuga ca Barcelone, Camp Nou.

Muri iyo ntsinzi y’ibitsindo bine, abandi bakinyi binjije ni Gerard Pique na Neymar Da Silva, mu gihe igitsindo kimwe rukumbi ca Espanyol catsinzwe na Felipe Caicedo.