Januzaj yagarutse muri Manchester united

januzaj manchester united Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Adnan Januzaj yagarutse muri Manchester United

Umugwi wa Man Utd wahamagaje umukinyi Adnan Januzaj ngo agaruke avuye muri Borussia Dortmund aho bari bamutije mu kiringo c’umwaka umwe.

Man Utd bashaka uwo mukinyi w’imbere akinira umugwi nserukiragihugu w’Ububiligi ngo agaruke kubera ata mwanya bamuha wo gukina mu Budagi.

Januzaj afise imyaka 20 y’amavuka, amaze gukina inkino 12 zonyene mw’ihiganwa ryo mu Budagi rya Bundesliga, kenshi asubiriye uwusohotse.

Yatanguye mu kibuga incuro zitatu zonyene.

Inkino zose yakinye muri iryo higanwa, ko ari zitandatu, yasubiriye uwusohotse.

Ntarahonyora mu kibuga na rimwe mu nkino za Europa Leagyue, aho batsinzwe na Paok Salonika itariki 10 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Januzaj yarakiniye inkino zine Man utd mu kwezi 8, kandi we yabaronkeje igitsindo c’intsinzi igihe bariko barakina na Aston Villa muri uko kwezi.