Blatter ntiyemera igihano yafatiwe

blatter fifa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Blatter agiye kwunguruza urubanza ku gihano yafatiwe co guhagarikwa imyaka umunani

Vyitezwe ko yumushingwamanza w’uwahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Sepp Blatter, yunguruza urubanza yanka icemezo cafashwe co kumwankira gukora ikintu ico ari co cose kijanye n’urukino rw’umupira w’amaguru mu kiringo c’imyaka umunani.

Akanama kajejwe kugenzura inyifato muri iryo shirahamwe kerekanye ivyo kafatiyeko kugira gafatire ingingo nk’iyo abo bahoze ari abategetsi b’iryo shirahamwe Blatter na mugenzi we Michel Platini.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, uwahoze ari umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, Sepp Blatter n’umukuru wa UEFA, Platini, barahagaritswe imyaka umunani, basanze barakoze amakosa yo kudakurikiza amategeko ya FIFA.

Ku ruhande rwiwe, uwuburanira Platini avuga ko na we nyene ari mu nzira yo kwunguruza kuri ico gihano bafatiwe.