Lionel Messi atsindiye ballon d'or ubugira gatanu

Lione Messi yakira agashimwe Ballon d'or Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lione Messi yakira agashimwe Ballon d'or

Rutahizamu wa Barcelona na Argentine, Lionel Messi, yatsindiye agashimwe ka FIFA, Ballon d'or, gahabwa umukinyi w'umupira w'amaguru yarushije abandi kw'isi mu mwaka.

Messi yeshe umuhigo mu gutwara ako gashimwe inshuro zitanu, aho yakakira akaba yavuze ko kugatsindira inshuro zitanu birengeye indoto yoba yaragize akiri umwana.

Rutahizamu wa Manchester United, Wayne Rooney, yavuze ko kuba Messi atwaye aka gashimwe inshuro zitanu ari ibintu birengeye ukwemera.

Mu bahiganwa na Messi kuri aka gashimwe k'umwaka wa 2015, harimwo Christiano Ronaldo yabaye uwa kabiri hagakurikire umunye Brezil, Neymar, nawe nyene akinira Barcelona.