Tombola y'ingene imigwi izohura muri FA

fa cup Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abakinyi ba Arsenal

Tombola y’ingene imigwi izohura mu guce ca kane gushira ica nyuma mw’ihiganwa rya FA ryabaye, imigwi yo mu cicero ca mbere ikazohura n’iyo hasi.

Arsenal, ari na yo ifise igikombe muri kino gihe, bazohura na Burnley, mu gihe Chelsea batana mu mitwe n’uwuzoba yatsinze hagati ya Northmpton Town na Mk Dons.

Man City, bazohura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Wycombe Wanderers na Aston Villa, mu gihe Man United bazohura na Derby County.

West Ham barindiriye uwuzotsinda hagati ya Exeter City na Liverpool.

Izi nkino z’igice ca kane gishira ica nyuma zizokinwa kuva ku wa 29 gushika itariki 1 y’ukwezi kwa kabiri.