Newcastle yanganije na Man United

newcastle Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Georginio Wijnaldum yinjije igitsindo ca mbere ca Newcastle

Newcastle, ku kibuga cabo ca St James Park, banganije ibitsindo 3-3 na Mancherster United.

Wayne Rooney wa Man United ni we yabanje gutsindira uwo mugwi igitsindo ca mbere hakiri kare cane, yinjije penalty, Jesse Lingard ashiramwo igitsindo ca kabiri ku munota wa 38, hanyuma ku munota wa 42, umukinyi wo hagati wa Newcastle, Geoginio Wijnaldum yinjiza igitsindo cabo ca mbere.

Umukinyi w’imbere, Aleksandar Mitrovic, wa Newcastle ni we yinjije igitsindo co kunganya, yinjije penalty.

Igitsindo ca gatatu ca Man United, ni Rooney yacinjije, ariko mu gihe hari hasigaye umunota umwe gusa ngo urukino rurangire, umukinyi w’inyuma wa Newcastle, Dummett, yaciye yinjiza igitsindo, umupira uca urangira ari 3-3.

Mu rukino rundi, West Ham batsinze Bournemouth ibitsindo 3-1, Enner Valencia akaba yatsinze ibitsindo bibiri muri ivyo, Dimitri Payet atsinda kimwe, mu gihe igitsindo kimwe rukumbi ca Bournemouth cinjijwe na Harry Arter.

Aston Villa barongowe n’umumenyereza mushasha Remi Garde, baronse intsinzi ya mbere mu gutsinda 1-0 Crystal Palace, igitsindo cinjijwe na Joleon Lescott. Ariko n’ubu Villa baracari mu kibanza ca nyuma n’amanota 11.