Arsenal yaguze umukinyi wo hagati wa Basel

arsenal elneny Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Arsenal yaguze umukinyi wo wagati yahora akinira Basel, Mohamed Elneny

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yemeye ko uwo mugwi waguze umukinyi wo hagati wa FC Basel, Mohamed Elneny.

Uwo mukinyi ashobora kuzokina mu rukino ruzobahuza na Stoke ku w’Imana.

Elneny w’imyaka 23, bivugwa ko boba bamuguze imiliyoni zitanu z’ama Euro, kandi akazobakinira mu nkino zihuza imigwi yabaye iya mbere I buraya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mhamed Elneny ashobora gukinira Arsenal ku w'Imana mu rukino ruzobahuza na Stoke

Unyuma y’aho Arsenal inganirije na Liverpool 3-3 ku kibuga ca Anfield, Wenger yavuze ko:” Yaje mu mugwi wacu turiko turaraba ko ameze neza ku buryo yodukinira ku musi w’Imana.”

Elneny, yakiniye Basel igihe yatsinda Chelsea mu mwaka 2013-2014.