Ubusuma muri Tennis bwamenyekanye

tenis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Habonetse ivyemeza ko hariho ubusuma bwo gupanga uko inkino zigenda mu rukino twa tennis

Amatohoza yagizwe na BBC hamwe n’imbuga ngurukanabumenyi rwa Buzz Feed, yerekanye ko hari iveyemeza ko habaye ubusuma mu gutegura abatsinda mu nkino za tenis kw’isi, harimwo n’ihiganwa rya Wembledon.

Inyandiko zo mw’ibanga zerekana ko mu nkino zimwe ziheruka, abahagarariye urwo rukino kw’isi, bariketse abakinyi cumi na batandatu boba baristindishije ku gushaka.

Ariko mu kigo kijejwe kurwanya igiturire muri urwo rukino rwa Tenis, bavuga ko bahora bafatira ingingo ruhasha ku bantu babonetseko ibimenyetso vyo gutegura uko inkino zizogenda canke igiturire bijanye n’urwo rukino.

Ibi vyavanye n’uko amatora yagenze yatangujwe mu 2007 n’ishirahamwe ry’abahinga ba Tenis(ATP)