Man United mu kibanza ca mbere mu kwinjiza amahera

man united Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubu Man United iri mu kibanza ca gatatu

Umugwi wa Manchester United ushobora kuba ari wo mugwi wa mbere kw’isi uzinjiza amahera menshi mu kiringo c’amezi 12 ari imbere.

Ufatiye ku mahera yinjira mu migwi yerekanywe n’ishirahamwe Deloitte, Real Madrid ni yo iza imbere muri iyi myaka 11.

Uwo mugwi waronse ama euro imiyoni 577 hagati ya 2014-2015

Umugwi watwaye igikombe c’imigwi yabaye iya mbere iwabo, Barcelone, uri mu kibanza ca kabiri, n’ama euro imiliyoni 560, mu gihe Man United uza mu kibanza ca gatatu, n’ama euro imiliyoni 519. Ariko Deloitte ivuga ko bishoboka can

e ko Man United boba baciyeko Real Madrid igihe hazosohoka urundi rutonde mu misi iza.

Man United, bavuye mu kibanza ca kabiri baja mu kibanza ca gatatu kubera amahera binjiza yagabanutse,ariko Deloitte bavuga ko “ukwiyongera k’ubudandaji” bwa Man United, co kimwe “n’ubushobozi bwo kuronka amasezerano y’amahera menshi” nk’amasezerano bafitaniye na Adidas ya miliyoni 75 z’ama pounds ku mwaka, yarafashije cane uwo mugwi.

Bivanye n’amasezerano mashasha y’uburenganzira bwo kumenyesha amakuru ku mboneshakure y’ama pounds imiliyaridi 5.1, azotangura gushirwa mu ngiro mu mwaka wa 2016-2017, Real Madrid ishobora kugira ingorane yo kwinjiza amahera menshi.

Imigwi yo muri Espagne ni myinshi muri urwo rutonde rw’imirwi 30 itunze cane kw’isi, yose ikaba ari 17.

Ibi bikavana n’amasezera meza yo kumenyekanisha amakuru no gutangaza umipira iriko irakinwa.

West Ham bararonse ikibanza ca 20 incuro ya mbere kuva 2005-2006, inyuma yo kwinjiza ama euro imilioni 160.9.

Man United bigeze kuja kw’isonga ry’uryo rutonde mu congereza ruzwi kw’izina rya Deloitte Football Money League, mu mwaka 1998, binjije amahera agera ku ma pounds imiliyoni 87.9