Urwanda rwatsinzwe na Maroc

chan rwanda
Image caption N'aho Urwanda rwatsinzwe, ruzobandanya ihiganwa

Ihiganwa ry’igikombe c’imigwi nserukirabihugu c’abakinyi bakinira mu bihugu iwabo, CHAN, rirabandanya mu gihugu c’Urwanda, aho Maroc yatsinze Urwanda 4-1.

Cote d’Ivoire na yo yatsinze Gabon 4-1 mu nkino za nyuma zo mu mugwi A.

Urwanda rwatsindiwe ku kibuga c’Amahoro.

Iminota 44 gusa zo mu gice ca mbere zari zihagije kugira Maroc yironkere intsinzi mu rukino yerekanye ubuhinga bukomeye, aho n’umumenyereza Mc Kinsley yafashe ingingo yo guha akaruhuko abakinyi 8.

Ibitsindo vya Maroc vyinjijwe na Abdelghani Mouaoui(Mawili), Mohamed Aziz na Abdeladim Khadrouf, mu gihe Ngomirakiza ni we yatsindiye Urwanda igitsindo kimwe baronse.

Izo nkino z’umugwi A zabereye rimwe ariko ku bibuga bitandukanye.

Ku kibuga ca Huye, mu bumanuko bw’Urwanda, Cote d’Ivoire yatsinze Gabon ibitsindo 4-1. Ibitsindo vya Cote d’Ivoire vyatsinzwe na Aka Essis, Djedje Guiza, Koffi Boua na Nilmar Ble, na yo igitsindo ca Gabon cinjizwa na Franck Obambou.

Iyo migwi ibiri, Urwanda na Cote d’Ivoire zahejeje inkino zifise amanota 6.

Uyu musi haraba inkino za nyuma ku kibuga ca Huye, Cameroun iza guhura na RDC, muri ico gihe nyene ikibanza c’Amahoro, Ethiopa iza gukina na Angola.

RDC ifise amanota 6 mu gihe Cameroun ifise amanota 4, bisigura ko uwuza gutsinda, ari we aca aba uwa mbere muri uwo mugwi.

Na Ethiopia iracafise akaryo ko kubandanya ihiganwa n’aho amahirwe Atari menshi.

Mu gihe Cameroun yotsinda RDC na Ethiopia igatsinda Angola, kugira hamenyekane uwuca abandanya ihiganwa hagati ya Cameroun na Ethiopia, baca baharura ibitsindo.