Pato agiye gukina muri Chelsea

alexandre pato
Image caption Alexandre Pato amaze gukinira igihugu ciwe incuro 27, abinjiriza ibitsindo 10

Chelsea yaguze umukinyi w’imbere wa Bresil, Alexandre Pato kw’ideni, gushika uyu mwaka w’inkino urangire.

Uwo mukinyi w’imbere w’imyaka 26, yahora akinira umugwi wa Corinthians wo mu Bugiriki, amaze gukinira igihugu ciwe incuro 27, no kubatsindira ibitsindo 10.

Yarakiniye Bresil mu nkino za Olympique za 2008 na 2012.

“Ndanezerejwe no kuja mu mugwi wa Chelsea,” uko ni ko yavuze amaze gushika muri uwo mugwi. “N’umugwi namye nipfuza caane, kandi ndindiranye igishika kumenya abandi bakinyi bagenzi banje bashasha no gukina na bo.”

“Ndashimira Chelsea kuba banyizeye, nanje ndizeye ko nzobashimisha kubera na bo banyizeye.”

Chelsea bafise igikombe c’umwaka uheze, baragize ingorane mu nkino z’uyu mwaka, aho bari mu kibanza ca 13, n’aho bakiri mw’ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea Guus Hiddink

Umumenyereza mfatakibanza w’uwo mugwi, Guus Hiddink, yavuze ko, n’aho Pato yagize ingorane yo kuvunika, ko kumuzana muri uwo mugwi Atari bibi.

“Sinapfuye kumuzana, ukuza kwiwe ngaha kw’ideni kuradufasha kumukurikirana no kumenya nimba ashobora kumenyera iri higanwa ryo mu Bwongereza.,” uko niko Hiddink yavuze.

Chelsea kandi bashaka kugura umukinyi w’inyuma w’umugwi wa New York Red Bulls, Matt Miazga, w’imyaka 20.

Hiddink yagize ati:”Ntitwihuta ariko turizeye ko azoba ari mu mugwi wacu mu misi ya vuba.”