Inkona ya Israel yafashwe ikekwako iperereza yarekuwe

israel eagle Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo nyoni yaje iva mu gihugu ca Israel

Inkona nini cane yari yafatiwe mu gihugu ca Liban yikekwa ko yarunitswe mw’iperereza rya Israel, yarekuwe inyuma y’aho abajejwe umutekano ba Onu kubahuza, nk’uko bivurwa na Israel.

Iyo nyoni ifise amababa areha na metero1.9, yagiye iva mu kibanza bororeramwo ibikoko muri Israel, yinjira muri Liban aho yafatiwe, ica iranafungirwayo.

Batanguye kuyikeka inyuma yo kubona ko ifise icuma gituma bayikurikirana aho iroye hose.

Abakozi bajejwe gurinda ibikoko vyo mw’ishamba bavuga ko iyo nyoni y’inkona yavuye muri Espagne mu mwaka uheze, ica irarekurwa mu kwezi guheze mu kibanza bororeramwo ibikoko rya Gamla, kiri mu karere ka Golan Heights, kagenzurwa na Israel.

Abakozi bo kuri kaminuza ya Tel Aviv, cafashije mu kumenya aho iyo nyoni igeze bakoresheje icuma ca GPS, bavuze ko iyo nkona yari yashizweko izina ku mababa yayo, kandi yari yambwitswe impeta yanditseko “Tel Aviv Univ Israel.”

Abategetsi ba Israel bagiye kumenya ko iyo nyoni yafashwe inyuma yo kubona ifoto, zerekana iyo nyoni ipfunzwe, zitanguye gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPAMOTI DOLEVISRAEL NATURE AND PARKS AUTHORITY
Image caption Iyo nyoni irekuwe babifashijwemwo n'abajejwe umutekano ba Onu

“Biciye mu bikorwa bitoroshe tubifashijwemwo n’abajejwe umutekano ba Onu, ubutegetsi bujejwe ibibanza bororeramwo ibikoko muri Israel, bwarashoboye kugarukana iyo nkona, yari yafashwe mu misi mike iheze n’abanyagihugu ba Bint Jbeil, muri Liban,” ni ko inkuru yatanzwe na Israel ku musi wa gatanu zivuga.

Ibimenyeshamakuru vyo muri Liban bivuga ko abo banyagihugu bemeye kurekura iyo nyoni, bimaze kugaragara ko idakoreshwa mu bikorwa vy’iperereza. Ubu iyo nyoni iriko iravugwa aho yari yakomeretse.

Si ubwa mbere inkona ifatirwa mu burasirazuba bwo hagati, yiketswe ko “iri mu gikorwa c’iraperereza” rya Mossad.

Igihugu ca Arabia Saudite carafashe inyoni nk’iyo mu gisagara ca Hyaal, mu mwaka 2011