Leicester yatsinze, Arsenal iranganya

leicester vs liverpool Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Jamie Vardy yatsindiye Leicester ibitsindo bibiri

Jamie Vardy yatsindiye ibitsindo bibiri umugwi wa Leicester mu mukino wabahuje na Liverpool, bituma baguma kw’isonga mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Uwo mugwi urusha amanota atatu Manchester City ya kabiri.

Uwo mukinyi w’imbere wo mu Bwongereza yatsinze igitego ca mbere ari ku metero 25, ahawe umupira na Riyad Mahrez ku munota wa 60.

Ica kabiri yagitsinze ku munota wa 71.

Mu rundi rukino, Arsenal banganije na Southampton, bica bituma Tottenham ibacako.

Man United yatsinze Stoke City 3-0 ku kibuga ca Old Trafford, ibitsindo vyinjijwe na Jesse Lingard(14’), Antony Martial(23’) hamwe na Wayne Rooney(53’).

Kuri uyu mugoroba, Chelsea baza gukona na Watforsd, mu gihe Everton baza kuba bahanganye na Newcastle.

Ng’uko uko inkino zagenze:

Arsenal 0 -0 SouthamptonLeicester 2-0 LiverpoolNorwich 0-3 TottenhamSunderland 0-1 Man CityWest Ham 2-0 Aston VillaCrystal Palace 1-2 BournemouthMan Utd 3-0 StokeWest Brom 1-1 Swansea