Mali mu rukino rwa nyuma muri Chan

mali vs cote d'ivoire Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mali itsinze Cote d'Ivoire 1-0 hasigaye iminota ibiri ngo urukino rurangire

Umugwi wa Mali uhejeje kuronka uburenganzira bwo kuja mu rukino rwa nyuma rwa Chan, aho bazohura n’umugwi wa RDC, inyuma yo gutsinda Cote d’Ivoire mu gice ca kabiri gishira ica nyuma 1-0.

Mali ari bwo bwa mbere bashika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za Chan, yaronse ico gitsindo hasigaye gusa iminota ibiri ngo urukino rurangire.

Ico gitsindo cinjijwe na Yves Bissouma ku munota wa 88.

Sinayoko ni we yahaye umupira mwiza Bissouma aca atera mw’igori abanje gucenga rimwe.

Umunyepoli wa Cote d’Ivoire, Ali Badra, yari yakuyemwo umupira ukomeye ari watewe na Coulibaly ku munota wa 33, mu gice ca mbere.

Image caption Mali izohura na RDC ku musi w'Imana mu rukino rwa nyuma

Uwo mugwi rero uronse uburenganzira bwo kuzokina na RDC mu rukino rwa nyuma rwo ku musi w’Imana.

Umugwi wa Leopards wo muri RDC wakuyemwo Guinee ubatsinze 5-4 ku mapenalty.

Guinee ubu izokina na Cote d’Ivoire, iyo migwi yose irondera ikibanza ca gatatu.

Urukino rwa nyuma ruzoba ku w’Imana.

Mubaje kurorera uru rukino rwari rubereye ijisho, harimwo abashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, Tokyo Sexwale, Gianni Infantino na Jerome Champagne.

Abo bagabo batatu bari bicaye hamwe ku kibuga ca Kigali.

Kuba bari I Kigali, vyavanye n’inkuru zo kwizeero ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika ryateguye inama y’abakuru b’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu bigize iryo shirahamwe.

Iyo nama yok u wa gatanu mw’ijoro, izokwihweza uwo boshigikira muri ayo matora azoba itariki 26 mu kwezi kwa kabiri.