Guardiola: Amasezerano na Man City nta co yica muri Bayern

guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umumenyereza Guardiola yagiriraniye amasezerano na Man City y'imyaka itatu

Umumenyereza w’umugwi wa Bayern Munich, Pep Guardiola, yavuze ko ingingo yafashe yo kuja mu mugwi wa Man City, ata ngaruka izogira ku kazi kiwe muri uwo mugwi wa Bayern Munich.

Guardiola afise imyaka 45, yagiriraniye amasezerano y’imyaka itatu na Man City, mu kuja mu kibanza ca Manuel Pellegrini mu mpera z’uyu mwaka.

Mu myaka itandatu, uwo yahoze ari umumenyereza wa Barcelone, yatsindiye ibikombe 19, harimwo ibikombe bitandatu vy’amahiganwa yo mu bihugu hamwe na bibiri vyo ku mugabane wa Buraya.

“Bigoye gute? Jewe ndi nk’umupfasoni, ndashobora gukora ubuzi bubiri icarimwe kandi vyose nkabitunganya. Ndafise impano muri ivyo bintu,” ni ko Guardiola yavuze.

Bivugwa ko Guardiola yanse gushira umukono ku yandi masezerano na Bayern Munich mu mwaka uheze, aca atangaza mu kwezi kwa cumi na kabiri ko azova muri uwo mugwi.