Mourinho yabo agiye kumenyereza Man United?

Uwufise ububasha kw’isanamu PA

Umugwi wa Manchester United warahiye kugira ico uvuze ku bivugwa ko babonanye n’abaserukira umumenyereza Jose Mourinho, yirukanywe mu kazi mu mugwi wa Chelsea mu kwezi kwa cumi na kabiri, umwaka uheze.

Inkuru zo kwizera zivuga ko hari n’imibonano bagize na Morinho, yavuzwe ko ari umwe mu bashaka akazi ko kumenyereza uwo mugwi wa Man United, idahagaze neza haraciye igihe, aho n’umumenyereza wayo mfatakibanza. Louis Van Gaal, azova muri uwo mugwi muri uyu mwaka.

Ivyo bizoba bihaye akaryo keza Mourinho bivugwa ko yonezerezwa n’akazi ko kumenyereza Man United.

Vyitezwe ko abategetsi bo hejuru ba Man United batanga inyishu yabo inyuma y’aho ababanyi babo Man City, bamenyeshereje ko bahaye akazi umumenyereza Pep Guaradiola muri iyi ndwi.

Umuzo wa Mourinho muri Man United bisigura ko hagira hatangure uguhiganwa bikomeye hagati ya City na United, nkuko vyari bimeze hagati ya Real Madrid na Barcelone igihe abo bamenyereza bari muri iyo migwi.

Mu kiringo c’ndwi zibiri ziheze, akazi ka Van Gaal ntikari kameze neza.

Ugutsindwa kwa Man United na Stoke hamwe na Southampton kwatumye haba ukwihebura.

Man United ibura amanota atanu kugira ishike mu kibanza giha uburenganzira imigwi kwitabira inkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, izokina na Chelsea ku musi w’Imana.