Amezi atandatu Zouma adahonyoye mu kibuga

chelsea zouma Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Zouma(i bubamfu) ariko aragwanira umupira n'umunyegori Petr Cech

Umukinyi w’inyuma wa Chelsea, Kurt Zouma, azosubira gukina inyuma y’amezi atandatu, kubera yababaye kw’ivi mu rukino rwabahuje na Man United.

Zouma azobagwa kuri iryo vi ryababaye ku musi w’Imana ku kibuga ca Stamford Bridge, inyuma yo kwikubita hasi nabi, avuye hejuru aho yashaka gutera umupora n’umutwe.

Ibipimo vyerekanye ko yababaye cane, ko rero ategerezwa kubagwa kugira bamuvure.

Mu bisanzwe, iyo umukinyi ababaye ukuraho, ntasubira gukina amezi menhsi, bikwumvikana ko rero Zouma atazokina inkino zose zisigaye z’ihiganwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kurt Zouma yababaye kw'ivi

Zouma, yafatwa nk’ihasa rya John Terry mu kibuga, yari amaze gukinira Chelsea inkino 32 muri iri huganwa.

Aramaze no gukinira Ubufaransa inkino 2 mpuzamakungu.