Umukunzi wa Leicester ashobora gutsindira pounds 25,000

leicester Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakunzi b'umugwi wa Leicester City

Umukunzi umwe w’umugwi wa Leicester ashobora gutsindira ama pounds 25,000, mu gihe uwo mugwi wotwara igikombe ry’iryo higanwa, inyuma yo gutigira mu gutanga ama pounds 5, aho yoronka ama pounds 5000 kuri buri pound rimwe muri ayo atanu.

Intsinzi ya Leicester ya 3-1 kuri Man United, yatumye baguma mu kibanza ca mbere barusha aba kabiri amanota atanu, mu gihe hamaze gukinwa bibiri vya gatatu vy’inkono zitegekanijwe.

Carpenter Leigh Herbert, afise imyaka 38, yatigiye ari mu biruhuko, akaba yarananse ko icipfuzo co kumuha ama pounds 3,200 kugira yivanamwo.

Mu gihe Leicester, bari hasi cane mw’ihiganwa riheruka, botwara igikombe c’uyu mwaka, kazoba ari agashimwe gakomeye ku mugwi, ibintu bitari bwigere bibaho muri kahise k’umupira w’amaguru.