Imigwi ya Buraya iriga ivyohinduka mw'ihiganwa rya UEFA

barcelone Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Barcelone ni wo mugwi uheruka gutwara igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo

Imigwi ikomakomeye ku mugabane wa Buraya, iriko iraganira ku kungene hohindurwa ingene hotunganywa ubundi busha ihiganwa rihuza imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo.

Ishirahamwe ry’iyo migwi,European Club(ECA), rivuga ko bariko barumvikana ku kungene izo nkino zotunganywa ubundi bushasha babifashijwemwo na UEFA, gushika mu mwaka wa 2018.

Gushika ubu imigwi 78 iraja muri iryo higanwa ririmwo ibihugu 54.

Inyuma y’inkino za mbere, imigwi 32 ni yo ibandanya inkino zo gukuranamwo.

Inyuma y’umubonano, vyabonetse ko bose bafise icizere ko ko bazokwumvikana.

Icegera c’uwurongoye ishirahamwe ECA, Umberto Gandini, yasavye ko iryo higanwa ritorenza amezi 9 kugira batume rikundwa n’abantu benshi.

ECA iserukira imigwi irenga 200, harimwo Real Madrid, Barcelone, Juventus, Bayern Munich, Manchester United na Chelsea.

Hari abipfuza ko iyo migwi ikomeye yinjire muri iryo higanwa itarinze gukina inkino zo gukuranamwo zo mu bihugu vyabo.

Uwurongoye Bayern Munich, Rummeninge, yasubuwemwo n’ikinyamakuru kimwe co mu Budagi, avuga ko hari imigambi yo gutanguza ‘Super League’.

Amategeko agenga ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo, arabuza ko haba ibihindurwa ivyo ari vyo vyose, imbere y’imyaka itanu.

Ico kiringo kizoshika mu mwaka uza wa 2017-2018.