Kalou yasezeye mu mugwi nserukiragihugu

solomon kalou Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Solomon Kalou yasezeye mu mugwi nserukiragihugu

Umukinyi w’imbere wa Cote d’Ivoire, Solomon Kalou, yavuze ko bikenewe ko asezera mu mupira w’amaguru ku rwego mpuzamakungu.

Uwo mukinyi yahoze akinira umugwi wa Chelsea, yakiniye igihugu ciwe incuro 81, atsinda ibitego 29.

Avugana na BBC, Kalou yavuze “naratsindiye igikombe ca Afrika, ndakina inkino za nyuma zibiri z’igikombe c’isi. Ariko nibaza ko ari umwanya mwiza wo guheba gukinira umugwi w’igihugu.”

“nzoshikana imyaka 30 uyu mwaka, ubu ntanguye kwiyumvira kuruhurira umubiri wanje.”

Kalou yavuze lkandi ko , yibaza ko ari umwanya mwiza wo gushira inguvu nyinshi mu mugwi akinira wa Hertha Berlin.

Uwo mukinyi w’imbere yagiye mu mugwi wa Hertha Berlin mu mwaka 2014, akaba amaze kubatsindira ibitego 6.