Abou Diaby buca asubira mu kibuga

abou diaby Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Inyuma y'amezi 17 yaravunitse, Abou Diaby yagarutse mu kibuga

Woba wibuka Abou Diaby? Umukinyi yahoze muri Arsenal? Buri gihe yama yavunitse? Ubu rero yagarutse.

Uwo mukinyi w’imyaka 29 vyitezwe y’uko asubira mu kibuga akinira umugwi wa Marseille, inyuma y’amezi 17 yaravunitse.

Diaby yashoboye gukina inkino zibiri gusa mu kiringo ca nyuma yakiniye Arsenal, yagurishijwe n’uwo mugwi wiwe muci.

Yabandanije abura amahigwe no mu gihugu ciwe c’Ubufaransa inyuma yo kuvunika ari mu myimenyerezo, ariko vyitezwe ko agaruka mw’ihiganwa ry’Ubufaransa bakina na Trelissac ku musi wa kane.