Ronaldo yishuye abamenyeshamakuru mu ngiro

spain
Image caption Cristiano Ronaldo

Cristiano Ronaldo bisa n’uko yishuye mu bikorwa abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri yanse kubandanya avugana na bo igihe bamubaza kuvyerekeye ibitsindo bike yinjiza hanze.

Igitego ciwe ca 33 c’uyu mwaka cafashije Real Madrid kwegera igice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo, aho uwo mugwi umenyerezwa na Zinedine Zidane watsinze Roma ibitego 2-0.

Imbere y’uko urwo rukino ruba, uwo mukinyi w’imbere yavuye mu kibanza bariko baraganiriramwo n’abamenyeshamakuru ashavuye cane inyuma yo kubazwa ku gitigiri c’ibitsindo amaze gutsinda hanze muri uyu mwaka.

Ronaldo w’imyaka 31, gushika ico gihe yari amaze gutsinda ibitego 32 muri uyu mwaka, ariko ntiyari bwatsinde kuva mu kwezi kwa11.”Ni nde wundi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi hanze kurusha jewe kuva nshitse ngaha muri Espagne? Uko ni ko Ronaldo, amaze gutsinda ibitego vyinshi mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo, yabajije n’agashavu” Vuga umukinyi umwe amaze gutsinda kundusha. Nta nyishu? Sawa. Urakoze.”Aca aragenda.