Umukinyi yarashe umuhagarikizi muri Argentine

Umuhagarikizi w’urukino umwe wo mugihugu ca Argentine yarashwe urusase aca arapfa n’umukinyi umwe yari yeretse ikarata itukura mu rukino rwo mu cicero ca kabiri. Uwo mumenyereza Cesar Flores, yari yagarikiye urukino rwahuza imigwi iri mu cicero ca kabiri mu gisagara ca Cordoba, ku birometero 700 mu buraruko bw’igisagara ca Buenos Aires.

Igipolisi catanguye kurondera uwo mukinyi ariko gushika ubu ntarafatwa.

Umuhagarikizi Flores, yeretse ikarata itukura uwo mukinyi aca arava mu kibuga nk’uko bitegekanijwe n’amategeko.

Ariko inyuma y’umwanya muto yagarutse mu kibuga ashavuye aca arasa uwo muhagarikizi amasase atatu mu gatuntu, mw’izosi no mu mutwe. Uwo muhagarikizi yari afise imyaka 48, yaciye yitaba Imana ubwo nyene.

Uwundi mukinyi mugenzi we yagerageje kumubuza kurasa uwo muhagarikizi yakomeretse cane.

Si ubwa mbere haba ibitero ku muhagarikizi muri Amerika y’ubumanuko kubera ingingo yafashe mu kibuga.

Mu mwaka uheze, vyabaye ngombwa ko umuhagarikizi umwe wo mu gihugu ca Bresil akoresha inkoho mu kubuza umukinyi umwe ngo ntamurase.