Man Utd batsindiwe muri Danmark muri Europa League

manchester united Uwufise ububasha kw’isanamu All Sport

Umugwi wa Man United watsinzwe n’umugwi mutoyi wo murti Danmark mw’ihiganwa rya Europe League.

Man United batsinzwe ibitsindo 2-1 n’umugwi muto wa Midtjlland, watanguye mu 1999.

Uwo mugwi kandi wagize ibibazo bikomeye inyuma y’aho umunyegoli wabo David de Gea ku kuguru, ikibanza ciwe kikaba caciye kijamwo umunye Argentine Sergio Romero.

Man Utd nib o batanguye kwinjiza biciye ku mukinyi Memphis Depay, ariko mu nyuma Midtylland baranganya ku gitego cinjijwe na Pione Sisto.

Paul Onuachu, ni we yinjije igitsindo c’intsinzi.

Man United, baratsinzwe na Sunderland 2-1 ku musi wa gatandatu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, bakaba babura amanota atandatu kugira baje mu kibanza ca kane, ikibanza cotuma baja mu mw’ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Umumenyereza w’uwo mugwi, Louis Van Gaal, ejo bundi yari yavuze ko gutsindira igikombe ca Europa League ari yo nzira yonyene isigaye yo gutwara gutahukana intsinzi yo kuri uwo mugabane.

Man United bakinye babura umukinyi wabo akomeye w’imbere, Wayne Rooney, vyitezwe ko azomara idwi zitandatu adahonyoje ikirenge mu kibuga kubera yavunitse.

Mu nkino zindi zakinywe ku wa kane mw’ijoro, Borrusioa Dortmund, bariko barakinira ku kibuga cabo, batsinze 2-0 bwa FC Porto.

Ingene izindi nkino zagenze.

. Tottenham 1-1 Fiorentina

. Valencia 6-0 Rapid Vienna.

. Liverpool 0-0 Augsburg.

. Anderlecht 1 –0 Olympiakos

. Sevilla 3- 0 Molde

. St Etienne 3-2 Basel

. Villarreal 1- 0 Napoli

. FC Sion 1-2 Sporting Braga

. Galatasaray 1-1 Lazio

. Marseille 0-1 Ath Bilbao