Wenger aranegura abakinyi biwe b'imbere

barcelone vs arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsene Wenger

Umugwi wa Barcelone, ku bice 95 kw’ijana usa n’uwamaze kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe c’imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Buraya nk’uko vyavuzwe n’umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger inyuma yo gutsindwa n’uwo mugwi watwaye igikombe co mu mwaka uheze 2-0.

Uwo mumenyereza w’umufaransa yanebaguye abakinyi biwe b’imbere, kuba bananiwe kwinjiza muri urwo rukino.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Olivier Giroud

Alex Oxlaide Chamberlain na Olivier Giroud bananiwe kwinjiza ibitego bigaragara ku ruhande rwa Arsenal imbere y’uko Barcelone itsinda igitego ca mbere.

“Uko twahejeje twari dufise ingorane mu bibanza vyacu.Mu gice ca nyuma twananiwe no gukora ikintu ngirakamaro,” ni ko Wenger yavuze.

“Barcelone bashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma ku bice 95 kw’ijana, ariko dushaka kuzogenda hariya gukina. Ntituzogenda gukinwa,” uko ni ko kandi yavuze.