Barcelone yatsinze Arsenal mu nkino za UEFA

uefa Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Lionel Messi ni we yinjije ibitsindo bibiri vya Barcelone

Umugwi wa Barcelone watsinze ibitego 2-0 Arsenal mu rukino rwa mbere mu nkino zo gukuranamwo ku migwi 16 yabaye iya mbere mu bihugu vyayo. Ivyo bitsindo vya Barcelone vyose vyinjijwe n’umukinyi Lionel Messi ku minota ya 71 na 83.

Mu rundi rukino, Juventus yo mu Butaliyano yakinye na Bayrn Munich, urukino rukaba rwarangiye iyo migwi yose inganya ibitego 2-2.

Bayern Munich nib o batanguye kwinjiza biciye ku mukinyi Thomas Muller ku munota wa 43, inyuma y’akanya gato, Arjen Robben yaciye yinjiza igitsindo ca kabiri c’uwo mugwi ku munota wa 55 mu gice ca kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Ku ruhande rwa Juventus, igitsindo cabo ca mbere cinjijwe na Paulo Dybala, ku munota wa 63 mu gice ca kabiri, hanyuma Stefano Sturaro yinjiza ikigira kabiri co kunganya ku munota wa 76, urukino rukaba rwarangiye ari 2-2.

Izo nkino zizobandsanya ku musi wa kabiri itariki 2 z’ukwezi kwa gatatu, aho Dynamo Kiev bazotana mu mitwe na Man City muri Ukraine, mu gihe PSV Eindhoven bazokina na Atletico Madrid.