Man City yatsindiye igikombe ca Capital One

man city vs liverpool Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Man City yatahukanye intsinzi ku mapenalty 3-1 ya Liverpool

Man City batahukanye igikombe ca Capital One inyuma yo gutsinda Liverpool mu rukino rwa nyuma kuri penalty.

Willy Caballero ni we yahakuye Man Cty, mu gukuramwo penalty za Lucas, Philippe Coutinho na Adam Lallana, inyuma y’aho umumenyereza Manuel Pellegrini amugiriye icizere akamukinisha.

Man City ni yo yatanguye kwinjiza ku kibuga ca Wembley, biciye ku mukinyi Fernandinho, inyuma y’ikosa ryakozwe n’umunyegoli wa Liverpool, Simon Mignpolet.

Uwahoze akinira Liverpol Raheem Sterling yararonse akaryo keza ko kwinjiza biranka, imbere y’uko Coutinho yinjiza igitego co kunganya mu minota ya nyuma.

Urukino rwaheze ari igitego kimwe ku kindi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abakinyi ba Man City bariko barigina intsinzi

Kuri penalty, Fernandinho yateye ku mwamba, ariko Jesus Navas na Sergio Aguero barinjije, Caballero , umunyegoli yarakuyemwo imipira ya Liverpool.

Pellegrini yari yahisemwo kuko Cabellero ntiyari yavyifashemwo neza mu rukino batsinzwe 5-1 na Chelsea ku kibuga ca Stamford Bridgfe mu rukino rwa FA.

Benshi bari biteze ko akinisha Hart, ariko yafashe ingingo yo gukinisha Cabellero, bari kumwe kera akiri mu mugwi wa Malaga.

Pellegrini ni we yaguze uwo mukinyi, amuzana muri Man City.

Uwufise ububasha kw’isanamu All Sport

Inyuma y’urwo rukino, umumenyereza wa Liverpool yavuze ati:” Turaciwe integer cane ariko ni ngombwa ko duhagarara tukabandanya. Ibijuju gusa ni vyo biguma vyicaye birindiriye ko bisubira gustindwa.”

Ku ruhande rwa Pellegrini, yavuze ko yababajwe n’uburyo bwinshi bononye bari gutsinda mu minota 90, n’aho mu minota y’inyongera bavyifashemwo neza.

“Uyu ni umwanya ukomeye kuri twebwe, urakomeye cane gutsindira iki gikombe uri ku kibuga ca Wembley.”