Arsenal yiteguriye Swansea inyuma yo gutsindwa na Man utd

arsenal
Image caption Man United yirahiye Arsenal 3-2

Arsenal ubu nta ko yogira Atari ukwibagira ivyo yakorewe na Man United, hanyuma bitegurire urukino rwa Swansea.

Umumenyereza w’uwo mugwi, Arsene Wenger, gutsindwa 3-2 ku kibuga ca Old Trafford, ntibishobora kubavuna integer kuko intumbewro yabo ari ugutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Arsenal iracari mu kibanza ca gatatu ariko bari inyuma amanota 5 y’umugwi Leicester ubu uri kw’isonga.

Tottenham batsinze Swansea 2-1 bituma baguma mu kibanza ca kabiri, n’amanota 54, ikaba irusha Arsenal amanota atatu.

“Mu vyukuri, ntidushobora kwigirira impuhwe ngo n’uko twatsindiwe I Old Trafford, ni ngonmbwa ko twereka abo duhanganye ko tudasigaye inyuma mu guhiganirwa igikombe c’uyu mwaka.” Ni ko Wenger yavuze.

Arsenal yimirije guhura ana Swansea iri mu kibanza ca 16 ku kibuga ca Emirate.

Mu gihe hasigaye inkino icenda gusa, urukino rwose n’amanota bifise akamaro kanini kuri buri mugwi.

Wenger yavue ko “Ica ngombwa n’uko uko gutsindwa gufise insiguro ikomeye kuri umwe wese muritwebwe…ibizoba vyavuye mw’ihiganwa bizomenyekana uyu mwaka urangiye.”

Uwufise ububasha kw’isanamu All Sport
Image caption Maucus Rashford

Ubwa nyuma Arsenal yatwaye igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza hari mu 2004, kandi barananiwe kubuza umukinyi akiri muto cane Marcus Rashford kwinjiza ibitsindo bibiri vyose yihuse cane.

Ibindi bisa n’ibi