Leicester yanganije na West Brom

leicester vs west brom Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Rondon wa West Brom ni we yatsinze igitego ca mbere ku munota wa 11

Leicester City yananiwe gutsinda West Brom banganije ibitego 2-2, kugira irushe amanota atanu umugwi uza mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Salomon Rondon yacenze Robert Huth, aca atsindira umugwi wa West Brom igitsindo ca mbere ku munota wa 11, ariko Danny Drinkwater yaciye atsindira Leicester igitego co kunganya.

Andy King ni we yinjije igitsindo kigira kabiri ca Leicester ariko Craig Gardner n we yaciye yinjiriza West Brom igitsindo ca kabiri.

Leicester bateye imipira ibiri yose ku mwamba muri urwo rukino rwabereye ku kibuga cabo ca King Power Stadium, ariko ntibashoboye kuronka intsinzi.

Uko kunganya kwa Leicester kwatumye iguma irusha gusa amanota atatu Tottenham iza mu kibanza ca kabiri.

Tottenham barashobora kuja mu kibanza ca mbere mu gihe boshobora gutsinda West Ham, ku kibuga ca Upton Park ku wa gatatu.

Leicester barusha amanota atandatu imbere ya Arsenal iza gukina na Swansea ku wa gatatu.

West Brom bamaze gutsindwa inkino zibiri gusa mu nkino 10 baheruka gukina, bari mu kibanza ca 13 mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, n’amanota 12 uvuye inyuma.

Ingene inkino zo ku wa kabiri zagenze:

 Aston Villa 1-3 Everton

 Bournemouth 2-0 Southampton

 Leicester 2-2 West Brom

 Norwich 1-2 Chelsea

 Sunderland 2-2 Crystal Palace

Ibindi bisa n’ibi