Galatasaray ntizitaba inkino za UEFA zimirije

uefa
Image caption Galatasaray ntizoja mu nkino za UEFA zimirije

Igisata kijejwe ubutunzi mw’ishirahamwe UEFA, (CFCB) uyu musi camenyesheje ko umugwi Galatasaray AS utazoja mw’ihiganwa rya UEFA ryimirije, ubudi yari ifitiye uburenganzira bwo kuzokina mu 2016-2017 hamwe na 2017-2018.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho Galatasaray inaniriwe gukurikiza amasezerano bari bafitaniye n’umukuru wa CFCB mu kwezi kwa gatanu 2014, mu gace ka 15, mu mategeko agenga UEFA CFCB.

Uwo mugwi wa Turkia wategetswe kand kugabanya y’uturusho ahabwa abakinyi muri kimwe kimwe cose muri ivyo biringo bibiri(n’ukuvuga kuva mu kiringo kizorangira mu 2016 hamwe n’ikizorangira mu 2017)

Ibindi bisa n’ibi