Arsenal yatsindiwe ku kibuga cayo na Swansea

arsenal vs swansea Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Swansea yatsinze Arsenal 2-1

Icizere c’uko Arsenal itwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza ubwa mbere mu myaka 12 gitanguye kugabanuka inyuma y’aho batsindiwe na Swansea 2-1 ku kibuga cabo ca Emirates.

Arsenal nib o batanguye kwinjiza bici ye ku mukinyi wabo Joel Campell, kandi vyaboneka ko bashobora kugabanya amanota ari hagati yabo n’umugwi ubu uri kw’isonga wa Leicester.

Ariko Swansea, baje gukina batari kumwe n’umumenyereza wabo Francesco Guidolin, baranganije babifashijwemwo n’umukinyi Wayne Routledge.

Olivier Giroud na Alexis Sanchez barateye mw’igori babura amahigwe.

Ashley Williams ni we yatsinze igitego c’intsinzi ya Swansea, biba ngombwa ko Arsenal itaha yimyiza ibamfu ku bitsindo 2-1.

Ubu Arsenal iri inyuma ya Leicester iza ubwa mbere amanota atandatu.

Tottenham, bari bafise amahigwe yo kuja mu kibanza ca mbere, na bo nyene banyereye ku mugwi wa West Ham, ku kibuga ca Upton Park, mu gutdsindwa 1-0.

Ico gitego cinjijwe n’umutwe n’umukinyi Michail Antonio ku munota w’indwi.

Ku kibuga ca Anfield, Liverpool bihoye Man City yari yabatsinze mu gikombe c’ubwongereza, mu kubatsinda 3-0.

Ibitsindo vya Liverpool vyinjijwe na Adam Lallana, James Milner na Roerto Firmino.

Ku kibuga ca Old Trafford, Man United batsinze Watford 1-0.

Igitsindo ca Man United cinjijwe na Juan Mata.

Uko inkino zagenze ku wagatatu:

 Arsenal 1-2 Swansea

 Stoke 1-0 Newcastle

 West Ham 1-0 Tottenham

 Liverpool 3-0 Man City

 Man Utd 1-0 Watford

Ibindi bisa n’ibi