Amakenga kw'itsindwa rya Arsenal

arsenal vs swansea Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, arafise amakenga ku kungene umugwi wiwe umaze imisi uvyifatamwo, akavuga ko abakinyi biwe bakwiye kwisubirako inyuma yo gutsindwa 2-1 na Swansea.

Mauricio Pochettino we amenyereza Tottenham yanse kugira uwo atako ikosa mu bakinyi biwe, iriko iragwanira igikombe c’ihiganwa ryo mu Bwongereza uyu mwaka, inyuma yo gutsindwa na Tottenham 1-0.

Na yo umumenyereza wa Man City, Manuel Pellegrini yavuze ko atacizeye gutwara igikombe c’uyu mwaka inyuma y’aho umugwi wiwe utsindiwe na Liverpool 3-0 ku kibuga ca Anfield.

Ubu Leicester iracari imbere mu gihe hagisigaye inkino 10.

Leicester ifise amanota 57.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urukino rwa Arsenal na Swansea

Intsinzi ya Swansea yatumye Arsenal itsindwa incuro ya gatatu yikurikiranya, ibintu bibaye ubwa mbere kuva mu 2010.

Ibindi bisa n’ibi