Fifa: Uganda mu kibanza ca mbere muri Afrika y'ubuseruko

cape verde Uwufise ububasha kw’isanamu khaled desoukt getty
Image caption Umugwi w'igihugu ca Cap Vert

Umugwi wa Cap Vert ni wo mugwi wa mbere mu mupira w’amaguru muri Afrika ku rutonde rwa FIFA, mu kwezi kwa gatatu.

Iyo ni intambwe ikomeye kuri ico gihugu kigizwa n’amazinga menshi mato mato, kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Afrika.

Baciyeko umugwi wa Cote d’Ivoire watwaye igikombe ca Afrika c’umwaka 2015, ubu bari mu kibanza ca kabiri.

Na Cameroun yateye intambwe aho iri mu bibanza 10 vya mbere, yigizayo Guinee.

N’aho umugwi wa RDC watahukanye igikombe ca Afrika c’abakinyi bakinira mu bihugu vyabo, warasubiye inyuma ikibanza kimwe, ubu ukaba uri mu kibanza ca 58.

Mu bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, Uganda ni bo bari imbere mu kibanza ca (67), bagakurikirwa n’urwanda bari mu kibanza ca (85), Kenya (103), Tanzania (125), Burundi (129) na Sudan y’epfo (140).

Ibihugu biza ubwa nyuma muri Afrika ni Somalia, Eritrea na Djibouti, vyose bikaba biri mu kibanmza ca 204.

Kw’isi yose, Ububiligi buza ubwa mbere, bugakurikirwa na Argentine.

Uru ni rwo rutonde rwa FIFA rw’ibihugu biza ubwa mbere ku mugabane wa Afrika mu kwezi kwa gatatu:

1. Cap Vert

2. Cote D'Ivoire

3. Algerie

4. Ghana

5. Tunisie

6. Senegal

7. Misri

8. DR Congo

9. Congo

10.Cameroon

Urutonde rw’ibihugu 10 vya mbere kw’isi:

1.Ububiligi

2. Argentine

3. Espagne

4. Ubudagi

5. Chili

6. Brezil

7. Pays Bas

8. Colombie

9. Angleterre

10. Autriche.

Ibindi bisa n’ibi