Arsenal yihagazeko inganya na Tottenham

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Tottenham ntiyashoboye kwikura Arsenal yari ifise abakinyi cumi gusa.

Arsenal yarwanye rugabo inganya na Tottenham 2-2 kandi yari ifise abakinyi cumi igumana amahirwe yayo yo gutwara Premiership y'uno mwaka.

Aba Gunners bagiye imbere igihe Aaron Ramsey yinjiza neza cane, ariko Francis Coquelin ahabwa ikarata itukura igira kabiri nyuma y'igice ca mbere.

Haciye iminota indwi Tottenham yagomboye, igihe Toby Alderweireld nawe yinjiza neza, imbere y'uko Harry Kane yinjiza ica kabiri akase umupira neza cane avuye ibubamfu.

Ariko Alexis Sanchez yaciye akigombora, ubu Arsenal ikaba ari iya gatatu, amanota atanu inyuma ya Leicester hamwe n'atatu inyuma ya Tottenham.

Ibindi bisa n’ibi