Watfort yasezereye Arsenal muri FA Cup

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Odion Ighalo yatsinze igitego cya mbere cya Watford

Watford yatunguye Arsenal ifite iki gikombe cya FA kuri sitade yayo ya The Emirates, ihita ibona itike yo gukina ½ kuri sitade ya Wembley.

Odion Ighalo yatsinze igitego cye cya mbere nyuma y’iminota 599 adatsinda, mu gice cya kabiri nyuma y’uko Arsenal itakarije amahirwe menshi y’ibitego.

Adlene Guedioura atsinda icya kabiri ku ishoti ikaze cyane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mesut Ozil (ibumoso) na Olivier Giroud (iburyo) ntibashoboye guhesha intsinzi Arsenal

Danny Welbeck yatsinze igitego cya Arsenal habura iminota ibiri ngo umukino urangire mbere y’uko uyu rutahizamu w’Umwongereza yononeye amahirwe yo gutsinda igitego cya kabiri cyo kunganya mu izamu ririmo ubusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Umunyezamu Costel Pantilimon yari yamaze kubura umupira ku ishoti yari yatewe na Alex Iwobi ikubita umutambiko w’izamu igaruka mu kibuga ariko Welbeck yabuze uburyo bwo kuboneza umupira mu rushundura awuroha hanze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Nyuma yo gutsindwa na Swansea na Barcelona, iyi ni inshuro ya gatatu Arsenal itsinzwe yikurikiranyije kuva yava kuri sitade ya Highbury mu mwaka wa 2006.

Yari nayo nshuro itsinzwe muri FA Cup kuva mu kwezi kwa Kabiri 2013 igihe batsindwaga na Blackburn. Hashinze iminsi 756 ndetse n’imikino 16.