Inkino za Champions League

arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Arsenal

Inkino zo gukuranamwo z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya zirabandanya uyu musi ku wa kabiri, ahaza kuba inkino zibiri. Atletico Madrid ifise amanota 13 baza guhura na PSV Endovein ifise amanota 10, Man City ifise amanota 12 baza kwakira Dynamo Kiev ya Ukraine ifise amanota 11 gushika ubu.

Izo nkino zizobandanya kandi ejo ku wa gatatu, aho Barcelone bazotana mu mitwe na Arsenal, mu gihe Bayern Mun bazoba bariko barahura na Juventus.

Urukizo rwa nyuma ruzoba itariki 28 z’ukwezi kwa gatanu mu 2016, ku kibuga ca San Siro mu gisagara ca Milan, mu gihugu c’Ubutaliano.

Ibindi bisa n’ibi