Got a TV Licence?

You need one to watch live TV on any channel or device, and BBC programmes on iPlayer. It’s the law.

Find out more
I don’t have a TV Licence.

Incamake

  1. Araza gushikiriza ijambo rya mbere ritanguza ubutegetsi bwiwe munyuma aje ku kirimba c'umukuru w'igihugu "White House"
  2. Abamushigikiye n'abatamushigikiye bitezwe gukwira amabarabara ya Washington mu gihe hari imyiyerekano ikomeye itegekanywa ku wa gatandatu

Gutangaza ikibiriraho

Amasaha yose ni ayo muri UK

Imiliyoni z'abantu bakurikiye ibirori

Iyimikwa rya Trump yakurikiranywe ku mbonerakure n'imiliyoni z'abantu ku isi. 

Abakurikirana ibirori vy'iyimikwa
EPA
Abakurikirana ibirori
EPA

Obama na Michele basezeye ibirori

Obama n'umutambvukanyi wiwe yahora ari "First Lady" buriye kajugujugu ya gisirikare yabatwaye ahitwa Andrews Air Force Base.

Aho ni ho buririra indege ibajana i California mu karuhuko. 

Igihe yagenda yasezeye akora mu minwe Trump n'umutambukanyi wiwe ashimira n'abajejwe umutekano wiwe. 

Joe Biden na mukiwe bo bategekanya kwurira gariyamoshi ibatwara mu ntara y'amavuko Delaware aho bashika inyuma y'amasaha abiri.

End of an era as Barack & Michelle Obama leave the US Capitol in Washington bbc.co.uk/inauguration #InaugurationDay

Kino ni igihugu canyu

Mu ijambo yashikirije Trump yagize ati: "Uno munsi ni uwanyu, nimwe mukwiye guhimbarwa, reta zunze ubumwe za Amerika ni igihugu canyu. Abagabo n'abagore b'igihugu cacu ntibacibagiwe. Umwumwe wese abateze amatwi muri kino gihe. Igihambaye si ukumenya umugambwe ugenzura reta ahubwo ni ukumenya ko igihugu kigenzugwa n'abanyagihu."

Donald Trump ahejeje kurahira

Umukuru w'ubutungane wa Amerika, John Roberts, ni we yarahije Donald Trump. 

Ivy'akakanyaIcegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yarahiye

Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yarahiye imbere y'isinzi ry'abantu. Umukuru wa sentare ntahinyuzwa Clarence Thomas ni we yamurahije. "Kezwa," niko Justice Thomas yavuze.  

.@Mike_Pence has been sworn in as vice president of the #UnitedStates. Watch the #inauguration live:… twitter.com/i/web/status/8…

Trump ashobora guharanira ubumwe

Prezida aheruka gutorwa Donald Trump ashobora guhindura imforo agaharanira ubumwe bw'abenegihugu naho yagiye arasohora amajambo y'ivangura. Imyiyerekano iri hirya no hino irerekana ko biciyemwo imice.

Prezida yatowe Donald Trump n'uwo asubiriye Barack Obama
Getty Images

Imyiyerekano ishobora gutandukira Canada

Ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika i Montreal vyasohoye itangazo rijanye n'umutekano ku benegihugu ba Amerika, bubaburira ko hari imyiyerekano itegekanywa muri ico gisagara.

"N'imyiyerekano isanzwe yokozwe mu mahoro ishobora kuvukamwo amakimbirane ikavamwo ubwicanyi. Mukwiye kwirinda ibibanza vy'imyiyerekano, murikanure mushikiriye imirwi minini y'abantu, niy'abagumuka," uko niko ubuserukizi bwarungitse ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi.

Muri Canada imyiyerekano y'abiyamiriza Trump irategekanijwe ku munsi wa gatanu no ku wa gatandatu. 

Abari mu myiyerekano
Getty Images

Abari mu myiyerekano bamenye ibiyo

Uruhagarara rwatanguye kuduga mu duce dutandukanye tw'umurwa mukuru wa Amerika. Abihaye amabarabara basheshe umucafu mu mabarabara, bamena n'ibiyo vy'amaduka. Abari mu myiyerekano baririmba indirimbo zigwanya Trump bongera babuza abantu kuja mu kibanza c'ibirori. Abashigikiye Trump nabo bazomera abo bagumutse.  

Security have closed one entrance to parade route because of this protest outside #Inauguration @bbcworldservice

Security have closed one entrance to parade route because of this protest outside #Inauguration @bbcworldservice

Iruhande yivyo birori abandi bateguye imyiyerekano

Abanyagihugu bipfuza ko urumogi rwo mu bwoko bwa "cannabis" rwemegwa rugafatwa ku mugaragaro bamye barutanga baruha abaje mu birori. Reta ya Washington yaremeje ko marijuana ifatwa ku mugaragaro mu mwaka wa 2014 ariko ubutegetsi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika buracahana abarufata bukaba nabwo nyene butazi ingene Trump azotorera inyishu ico kibazo.   

Some waiting to enter the Mational Mall 4 the #Inauguration, but only a mile away a V long line has formed for fre… twitter.com/i/web/status/8…

Ibikorwa vya nyuma mu kibanza Capital Hill

Intebe zapanzwe mu kibanza Capital Hill
Getty Images

Mu kibanza ibirori vyo kwimikwa biberamwo hafi ya Capital Hill, intebe zateguwe mu gihe ibirori vyo kwimika biriko biregereza. 

Korare y'aba Mormon Tabernacle
Getty Images

  Korare y'abaririmvyi bo mw'ishengero "Mormon Tabernacle" bari mu batumiwe na Trump mu baja kuririmba muri ivyo birori.     

Trump ariko arabonana na Obama

Trump yinjiye mu biro vy'umukuru w'igihugu White House ahejeje kuramutswa na prezida agiye gusubirira hamwe n'umutambukanyi wiwe. 

 Prezida aheruka gutorwa yaramukije abasirikare b'aba Marines bacunze irembo rya White House munyuma arafotorwa. Muri kino gihe bari mu cumba "Blue Room" aho basangira icayi n'ikawa. 

 "Ni vyiza kukubona. Kezwa", Obama niko yabwiye Trump n'umutambukanyi wiwe Melania. 

 "Birahimbaye," niko Trump yavuze.

The Trumps arrive at the White House to meet the Obamas on #InaugurationDay bbc.co.uk/inauguration

Mwiriwe

Tugiye kubashikiriza inkuru zitandukanye zijanye n'ukwimikwa kwa prezida mushasha Donald Trump

Prezida yatowe Donald Trump hamwe n'umutambukanyi wiwe Melania
AFP
Prezida yatowe Donald Trump hamwe n'umutambukanyi wiwe Melania