Got a TV Licence?

You need one to watch live TV on any channel or device, and BBC programmes on iPlayer. It’s the law.

Find out more
I don’t have a TV Licence.

Incamake

  1. Abantu barenga imiliyoni 19 nibo bategekanijwe gutora
  2. Hari abakandida umunani bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ariko abakomeye ni Prezida Uhuru Kenyatta na Raila Odinga
  3. Raila Odinga yitoje ubugira kane
  4. Ibiro vy'amatora bitegekanywa kwugara isaha cumi n'imwe ku mugoroba
  5. Hari ibiro vy'amatora 40883 mu gihugu cose

Gutangaza ikibiriraho

Amasaha yose ni ayo muri UK

Ibiro vy'amatora vyugawe, amajwi yatanguye guharugwa

Igikorwa co guharura ivyavuye mu matora catanguye inyuma yaho ibiro vy'amatora vyugariwe, kiretse aho batanguye gutora batevye bongewe umwanya.

Abakozi bo mu kanama kajejwe amatora, abaserukira imigambwe, abarorerezi hamwe n'abamenyeshamakuru bariko barakurikirana ico gikorwa, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Cyriaque Muhawenayo ari mu kibanza c'amatora ca Moi Avenue mu gisagara ca Nairobi yabishikirije.

Igikorwa co guharura amajwi ku biro vy'amatora biri kuri Moi Avenue mu gisagara ca Nairobi
BBC
Igikorwa co guharura amajwi ku biro vy'amatora biri kuri Moi Avenue mu gisagara ca Nairobi
Igikorwa co guharura amatora
BBC
Igikorwa co guharura amatora

Amasaha yo kwugara ibiro vy'amatora yigijwe inyuma ku batanguye batevye

Umugwi ugenzura amatora IEBC wavuze ko uza kwongera igihe ku biro vy'amatora vyuguruye bitevye.

Igikorwa co gutora categekanywa kuba carangiye isaha cumi n'imwe yo ku mugoroba, ku masaha ya Kenya.

Ico gikorwa nticashoboye gutangura ku gihe mu duce twose tw'igihugu, biturutse ku ngorane zitandukanye.

Imvura hamwe no kubura umuhora wa Internet (connection) canke wa telefone biri mu vyatumye bimwe mu biro vy'amatora vyugurura bitevye. IEBC yavuze ko yongera umwanya yihwejwe umwanya ibiro vyataye.

Hari ahantu wasanga abantu bagwiriranye barindiriye gutora
BBC
Hari ahantu wasanga abantu bagwiriranye barindiriye gutora

Chebukati: Abakozi ba IEBC bafashwe mu busuma bagiye gushikirizwa ubutungane

Akanama kajejwe amatora mu gihugu ca Kenya IEBC kavuze ko kagiye gushikiriza ubutungane abakozi bako bagiye barafatwa barenze amategeko agenga amatora mu duce dutandukanye tw'igihugu.

Mu ntara ya Kitui iri mu buseruko bwa Kenya, abajejwe umutekano bafashe umukozi wa leta yariko aratanga amahera agura amajwi ngo bulamatari yahahora Julius Malombe ashobore gutsinda. Haheze igihe, igipolisi cafashe muri iyo ntara nyene uwundi mukozi wa leta akora mu gisata c'ubutunzi mu butegetsi bw'iyo ntara, yariko araha ibiturire abaje gutora.

I Nairobi, ku biro vy'itora vya Nyayo Stadium, hari umuntu yafashwe afise amakarata abiri y'amatora.

Abakarani babiri ba IEBC bafashwe ahitwa Kandara, mu ntara ya Muranga hagati muri Kenya, bahinduye amazina y'abajejwe guhagarikira amatora, babahinduza n'abo biyumvira ko boshigikira bamwe mu bitoza.

Uwundi mukarani wa IEBC w'ahitwa Changamwe, mu ntara ya Mombasa iri mu buseruko, yafashwe inyuma yaho atangiye impapuro z'amatora zibiri zibiri ku bantu baza gutora.

Uwurongoye akanama k'amatora Wafula Chebukati
BBC
Uwurongoye akanama k'amatora Wafula Chebukati

Ubusuma bwo mu matora bwatanguye kwibonekeza

Hari abantu bivugwa ko bagerageje kwiba amajwi mu duce dutandukanye tw'igihugu, mu makuru yaturutse mu kigo c'abarorerezi ku vy'umutekano.

Mu ntara ya Kitui iri mu buseruko bwa Kenya, abajejwe umutekano bafashe umukozi wa leta yariko aratanga amahera agura amajwi ngo bulamatari yahahora Julius Malombe ashobore gutsinda. Haheze igihe, igipolisi cafashe muri iyo ntara nyene uwundi mukozi wa leta akora mu gisata c'ubutunzi mu butegetsi bw'iyo ntara, yariko araha ibiturire abaje gutora.

I Nairobi, ku biro vy'itora vya Nyayo Stadium, hari umuntu yafashwe afise amakarata abiri y'amatora.

Abakarani babiri ba IEBC bafashwe ahitwa Kandara, mu ntara ya Muranga hagati muri Kenya, bahinduye amazina y'abajejwe guhagarikira amatora, babahinduza n'abo biyumvira ko boshigikira bamwe mu bitoza.

Uwundi mukarani wa IEBC w'ahitwa Changamwe, mu ntara ya Mombasa iri mu buseruko, yafashwe inyuma yaho atangiye impapuro z'amatora zibiri zibiri ku bantu baza gutora.

Imideli itandukanye y'inyambaro mu matora

Bamwe mu banyagihugu baja gutora bagiye bambaye inyambaro z'imideli itandukanye harimwo n'abambaye impuzu z'ibiti nk'abantu baho hambere.

Uno mugabo afise impuzu hamwe n'isagoshi ikozwe mu mahuba iriko amafoto ya Raila Odinga na Barack Obama, prezida wa kera wa Amerika
BBC
Uno mugabo afise impuzu hamwe n'isagoshi ikozwe mu mahuba iriko amafoto ya Raila Odinga na Barack Obama, prezida wa kera wa Amerika
Abo bari hagati bambaye impuzu zigizwe n'amabara y'idarapo ry'igihugu
BBC
Abo bari hagati bambaye impuzu zigizwe n'amabara y'idarapo ry'igihugu
Uno yambaye nawe nyene ishati irimwo amabara y'idarapo y'igihugu, yizibiranya mu maso na "masque"
BBC
Uno yambaye nawe nyene ishati irimwo amabara y'idarapo y'igihugu, yizibiranya mu maso na "masque"

Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto atora

Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto, yatoreye kw'ishule rya Kosachei mu ntara ya Uasin Gishu mu karere ka Eldoreti.

Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto atora
BBC
Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto atora

Raila Odinga ahanganye na Kenyatta yatoye

Uwurongoye urunani rw'imigambwe iri ku butegetsi Raila Odinga yatoreye kw'ishule ry'intango "Old Kibera Primary School" aho yasavye abanyagihugu kwitaba ari benshi amatora, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Cyriaque Muhawenayo yabimenyesheje.

����

Raila ariko aratora
BBC
Raila ariko aratora
Vyabaye ngombwa ko abamenyeshamakuru bahonyanga ibiro vy'abakarani kugira ngo bashobore gufotora Raila
BBC
Vyabaye ngombwa ko abamenyeshamakuru bahonyanga ibiro vy'abakarani kugira ngo bashobore gufotora Raila

Nairobi: Igisagara kiragaragara kubera amatora

Abantu bari ku rushi nibo ubona mu mabarabara ya Nairobi
BBC
Abantu bari ku rushi nibo ubona mu mabarabara ya Nairobi
Iyindi mirimo yahagaritswe kubera amatora, henshi imangazini zari zugaye
BBC
Iyindi mirimo yahagaritswe kubera amatora, henshi imangazini zari zugaye
Amabanki akunze gukora iminsi yose nayo nyene yari yugaye
BBC
Amabanki akunze gukora iminsi yose nayo nyene yari yugaye

Prezida Uhuru Kenyatta yatoreye kw'ishuli ry'intango rya Mutomo

Prezida Kenyatta yatoreye aho avuka mu ntara ya Gatundu muri Kenya ya hagati. Yasavye indongozi n'abo bahanganywe mu matora kwemera aho abanyagihugu baja gushira. Yavuze ko mu gihe yoba atsinzwe ko yovyemera, asaba n'abandi kubigenza ukwo nyene. Yasavye abakenya ngo ntibemere ko amatora abacamwo imigwi.

Prezida Kenyatta yari kumwe n'umutambukanyi wiwe igihe yatora
BBC
Prezida Kenyatta yari kumwe n'umutambukanyi wiwe igihe yatora

John Kerry yagiye kwirabira amatora

Uwigeze kuba umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika John Kerry arongoye umugwi w'abarorerezi bavuye muri Amerika, yashitse mu kibanza c'amatora co kuri Moi Avenue mu gisagara ca Nairobi kwirabira ingene ico gikorwa kigenda. Yavuze ko ayo matora yitabwe n'abantu benshi kandi ko yizeye ko arangira mu mutekano.

John Kerry ku biro vy'amatora vya Moi Avenue
BBC
John Kerry ku biro vy'amatora vya Moi Avenue

Ubwoko bushasha bw'aba Makonde batoye

Abantu bo bwoko bushasha bugira 43 bw'aba Makonde buherutse kwemegwa, batoye ubwa mbere mu buzima bwabo inyuma yaho baherewe ubwenegihugu mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka.

Aba mbere bashitse mu gihugu ca Kenya mu myaka yi 1930 baje gukora mu mirima y'isukari hamwe na "sisal".

Umukecuru w'umu Makonde baherekeje gutora
BBC
Umukecuru w'umu Makonde baherekeje gutora

IEBC: Hari ingorane turiko turaronderera umuti

Uwurongoye akanama kajejwe amatora IEBC yagiranye ikiganiro n'abamenyeshamakuru bari mu kibanza Bomas gikusanyirizwamwo amajwi yo mu gihugu cose.

Yavuze ko azi ko hari abakenya bazindutse imbere yuko ibiro vy'amatora vyugurugwa.

Yasavye abanyagihugu bataraja gutora kwitaba ico gikorwa.

Bwana Chebukati yavuze ko hari ingorane zibonekeje mu biro vy'amatora bimwe bimwe ariko yizeza ko bariko barazitorera umuti.

Avuga ko hari uturere twaguyemwo imvura nyinshi tubuza ko amatora agenda neza biba ngombwa ko hakoreshwa za kajugujugu.

"Ku bijanye n'ibiro vy'amatora vyatevye kwugurura, turaza kwongera umwanya vyugare bitevye, turavye uwatakajwe."

Amatora mu kibanza c'amatora ca William Ruto

Amatora arabandanya ku biro vy'amatora vya Kosachei mu karere ka Eldoreti mu ntara ya Uasin Gishu, aho icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto wo mu runani Jubilee rwa Prezida Kenyatta ashobora gutorera.

Umutama yariko aratora i Kosachei
BBC
Umutama yariko aratora i Kosachei
Abakozi ba IEBC ku biro vya Kosachei
BBC
Abakozi ba IEBC ku biro vya Kosachei

IEBC: Turazi ko hari ibiro vy'amatora vyacerewe

Akanama kajejwe amatora mu gihugu ca Kenya (IEBC) kamenyesheje ko gafise amakuru ko hari ibiro vy'amatora vyatevye kwugurura. Ku butumwa kacishije ku rubuga rwa Twitter kavuze ko abakozi bako bariko baravyirukamwo kugira ngo ntihabe umunyagihugu asubira inyuma adatoye.

View more on twitter

Ibinyamakuru vya Kenya ku matora

Inkuru ijanye n'amatora niyo ivugwa cane uno munsi mu binyamakuru vya Kenya.

Ikinyamakuru Daily Nation
BBC
Ikinyamakuru Daily Nation
Ikinyamakuru The Standard
BBC
Ikinyamakuru The Standard
Ikinyamakuru Taifa Leo
BBC
Ikinyamakuru Taifa Leo
Ikinyamakuru Business Daily
BBC
Ikinyamakuru Business Daily

Abakenya bari muri Tanzaniya batoye

Umwe mu bariko baratora
BBC
Umwe mu bariko baratora

Abakenya baba mu gihugu ca Tanzaniya barimwo n'abihebeyimana baba mu bisagara vya Dar es Salaam na Arusha bitavye amatora. Umumenyeshamakuru wa BBC Halima Nyanza yabikurikiraniye mu gisagara ca Arusha.

N'abihebeyimana ntibatanzwe
BBC
N'abihebeyimana ntibatanzwe

Mu ntara ya Kisumu, abakenya bafise amamuko y'ubuhindi ntibatanzwe

Abakenya bafise amamuko yo mu gihugu c'Ubuhindi bita abakarasinga bitavye amatora yo mu ntara ya Kisumu, aho kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga avuka. Umumenyeshamakuru wa BBC Odeo Sirari yari ku biro vy'amatora vya Aga Khan.

Abanyagihugu ba Kisumu barimwo n'abafise amamuko y'Ubuhindi mu matora
BBC
Abanyagihugu ba Kisumu barimwo n'abafise amamuko y'Ubuhindi mu matora

Mu ntara ya Garisa, amatora yatevye gutangura

Mu ntara ya Garisa abanyagihugu batevye gutangura gutora, binjira mu nzu y'amatora inyuma y'isaha yategekanijwe nkuko umunyamakuru wa BBC wo muri ako karere Bashkas Jugsodaay yabishikirije.

Abatora bamaze umwanya batarinjira mu kibanza batoreramwo
BBC
Abatora bamaze umwanya batarinjira mu kibanza batoreramwo

Muri karitiye ya Kibera amatora agenda neza naho habaye utugorane

Umwe mu bajejwe amatora asigura ingorane zabaye
BBC
Umwe mu bajejwe amatora asigura ingorane zabaye

Abanyagihugu bo muri karitiye ya Kibera bagwiriyemwo abayoboke b'urunani NASA rwa Raila Odinga bazindutse kare gutora. Ico gikorwa cagenze neza muri rusangi kiretse mu kazu kamwe k'amatora aho icuma ca mudasobwa canse gukora bigatera impari hagati y'abaje gutora hamwe n'abahagarariye amatora.

Abahagarariye amatora basuzuma imashini
BBC
Abahagarariye amatora basuzuma imashini

Abanyagihugu baguma baza gutora mu biro bitandukanye vy'amatora

Abanyagihugu bazindukiye gutora
BBC
Abanyagihugu bazindukiye gutora

Ibiro vy'amatora vyuguruwe isaha cumi na zibiri zo mu gitondo. Mu baja gutora hari abazindutse cane bashitse mu bibanza batoreramwo isaha umunani z'ijoro mu gihe bashaka kuja imbere ngo baheze ico gikorwa. Mu gihugu cose abantu barenga imiliyoni 19 nibo batorera mu biro vy'amatora 40883 mu gihugu cose.

Mwaramutse amahoro!

Turabahaye ikaze ku makuru tuja turabatororokaniriza ku bijanye n'amatora mu gihugu ca Kenya.